
About
Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere umwaka wa 2026 akaba ari naco kiganiro ca mbere ca Wiriwe Maine cuguruye uyu mwaka. Tugaruka kw'ishimutwa rya Nicolás Maduro , umukuru w'iihugu ca Venezuela n’umugore we, Cilia Flores. Muri kino kiganiro tubumvisha ico iri shimutwa risobanuye, ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu vya rutura no ku baturiye isi bose hamwe rero n'ico abantu bokwitega mu misi iri imbere. Umuhinga twaganiriye ni Jean Hakuzimana, ahagarariye umushinga wo gutuza abimukira muri Reta ya New Hampshire, yo muri New England, mu majyaruguru y’iburasirazuba bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iki kiganiro mwagiteguriwe mwongera mukigezwaho na Eloge Willy Kaneza
45m 26s · Jan 11, 2026
© 2026 Spreaker (OG)